'Namenye ntevye ko umucance wanje Ndadaye bamugandaguye ... nabikiwe na musenyeri Bududira' - Laurence Ndadaye
Muri Camp Muha Laurence Ndadaye avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga " Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!".
Laurence Ndadaye yarokotse ubwicanyi bwahitanye umugabo wiwe itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993, ari kumwe n'abana biwe batatu.Prezida Melchior Ndadaye yari yatahutse mu Burundi ava mu buhungiro mu gihugu c'Urwanda mu 1983, aca yubakana na Laurence Ndadaye mu 1984. Bubaye ubwa mbere umupfasoni wa Melchior Ndadaye avuga ku vyabaye ku mugabo wiwe.Laurence Ndadaye namusanze muri quartier ya Mutanga Nord muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Laurence Ndadaye yarokotse ubwicanyi bwahitanye umugabo wiwe itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993, ari kumwe n'abana biwe batatu.
Prezida Melchior Ndadaye yari yatahutse mu Burundi ava mu buhungiro mu gihugu c'Urwanda mu 1983, aca yubakana na Laurence Ndadaye mu 1984.
Bubaye ubwa mbere umupfasoni wa Melchior Ndadaye avuga ku vyabaye ku mugabo wiwe.
Laurence Ndadaye namusanze muri quartier ya Mutanga Nord muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Hari n'umwana wiwe w'umuhererezi Libertas Ezako ubu afise imyaka 32. We aba mu gihugu c'Ububiligi.
Igihe se wiwe yicwa yari afise imyaka ibiri gusa.Ikirundi kiramugora ariko uhashitse, aratwengatwenga ariko arakwakira avuga ikirundi "karibu... murakomeye? Egooo" ... Ivyo akabivuga ari na ko amwenyura.
Igihe se wiwe yicwa yari afise imyaka ibiri gusa.
Ikirundi kiramugora ariko uhashitse, aratwengatwenga ariko arakwakira avuga ikirundi "karibu... murakomeye? Egooo" ... Ivyo akabivuga ari na ko amwenyura.
Iruhande yiwe, nyina aba ariko arumviriza anamutera n'intege " bandanya uzokimenya".
Uwo mupfasoni w'imyaka 63 agira ati: "Umwana yavuye ngaha afise imyaka ibiri, n'ubundi aragerageza."Inyuma y'igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye, baciye bahungira mu gihugu c'Ububiligi. Gushika n'ubu ni yo baba. Laurence Ndadaye, ariko arerekana amafoto y'abana biwe, aracishamwo ati "uwo rero ni we basa na se". Avuga Libertas.Umubajije ivyerekeye umucance wiwe urabona ko bimugora gusohora. Hari n'aho ashika agaca avuga ati "reka tureke kuzura akaboze".
Uwo mupfasoni w'imyaka 63 agira ati: "Umwana yavuye ngaha afise imyaka ibiri, n'ubundi aragerageza."
Inyuma y'igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye, baciye bahungira mu gihugu c'Ububiligi. Gushika n'ubu ni yo baba.
Laurence Ndadaye, ariko arerekana amafoto y'abana biwe, aracishamwo ati "uwo rero ni we basa na se". Avuga Libertas.
Umubajije ivyerekeye umucance wiwe urabona ko bimugora gusohora. Hari n'aho ashika agaca avuga ati "reka tureke kuzura akaboze".
Libertas Ezako, se yishwe afise imyaka 2, asaba ko haba ubutungane kw'iyicwa rya prezida Ndadaye Melchior
Kuva bakimenyana na Ndadaye, Laurence avuga ko yumva ko ari umuntu akurikirana ivya politike cane. Mu makete bandikiranira akiri mu gihugu c'Urwanda, Melchior Ndadaye yamusaba ibintu bibiri: guhanahana amakuru no kubandanya yiga.Laurence Ndadaye agira ati: "Aramutse anyandikiye yarungika impapuro nka zitanu. "Nanje n'aho nishura ku rupapuro rumwe, naragerageza kumubwira inkuru zo mu Burundi".Mu 1976, akiri impunzi mu gihugu c'Urwanda yarashinze umuhari witwa Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE).Mu 1979 na ho yarashinze umugambwe witwa UBU (Umugambwe w'abakozi b'i Burundi).Laurence Ndadaye avuga ko umugabo wiwe yaguma arondera ihuriro abantu bashobora kuyagiramwo ivy'igihugu, gushika aho ashinga umugambwe Sahwanya-Frodebu. Agira ati: "Ari mu bashinze ishirahamwe rya mbere riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Ligue Iteka."Prezida Ndadaye kandi ngo ntiyarya umunwa. Ivyo vyamuviriyemwo gupfungwa azize ivyiyumviro yari yashikirije mu nama yari yatumweko n'uburongozi bw'intara ya Gitega aho yari asanzwe akorera, mu kwezi kwa cumi mu 1988, yiga ku kibazo ca Ntega-Marangara (Reta y'ico gihe yamenyesheje ko ubwicanyi bushimikiye ku bwoko bwahitanye abashika 5000). Laurence Ndadaye agira ati: "Kubera ivyiyumviro yashikirije mu nama ku ku ngene ikibazo ca Ntega-Maranga cotorerwa inyishu bitanezereye abategetsi, yaciye afatwa arapfungwa amezi abiri."Yabanje gupfungirwa muri SNR (Service National de Renseignement) [iperereza] i Bujumbura, imbere yo kwungururizwa mw'ibohero rya Rumonge. Umupfasoni w'umuhisi Melchior Ndadaye avuga kandi ko umucance wiwe yanse kuja mu murwi w'igihugu wari ujejwe kwiga ikibazo c'ubumwe bw'Abarundi. Agira ati: "Kubera intumbero yabona bashaka guha iyo 'commission' ku kibazo c'ubumwe bw'Abarundi yaciye ayivamwo."Aravuga ati 'jewe kubera ivyiyumviro vyanje mfise, mbona ntobikora uko muvyipfuza'".
Kuva bakimenyana na Ndadaye, Laurence avuga ko yumva ko ari umuntu akurikirana ivya politike cane.
Mu makete bandikiranira akiri mu gihugu c'Urwanda, Melchior Ndadaye yamusaba ibintu bibiri: guhanahana amakuru no kubandanya yiga.
Laurence Ndadaye agira ati: "Aramutse anyandikiye yarungika impapuro nka zitanu.
"Nanje n'aho nishura ku rupapuro rumwe, naragerageza kumubwira inkuru zo mu Burundi".
Mu 1976, akiri impunzi mu gihugu c'Urwanda yarashinze umuhari witwa Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE).
Mu 1979 na ho yarashinze umugambwe witwa UBU (Umugambwe w'abakozi b'i Burundi).
Laurence Ndadaye avuga ko umugabo wiwe yaguma arondera ihuriro abantu bashobora kuyagiramwo ivy'igihugu, gushika aho ashinga umugambwe Sahwanya-Frodebu.
Agira ati: "Ari mu bashinze ishirahamwe rya mbere riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Ligue Iteka."
Prezida Ndadaye kandi ngo ntiyarya umunwa.
Ivyo vyamuviriyemwo gupfungwa azize ivyiyumviro yari yashikirije mu nama yari yatumweko n'uburongozi bw'intara ya Gitega aho yari asanzwe akorera, mu kwezi kwa cumi mu 1988, yiga ku kibazo ca Ntega-Marangara (Reta y'ico gihe yamenyesheje ko ubwicanyi bushimikiye ku bwoko bwahitanye abashika 5000).
Laurence Ndadaye agira ati: "Kubera ivyiyumviro yashikirije mu nama ku ku ngene ikibazo ca Ntega-Maranga cotorerwa inyishu bitanezereye abategetsi, yaciye afatwa arapfungwa amezi abiri.
"Yabanje gupfungirwa muri SNR (Service National de Renseignement) [iperereza] i Bujumbura, imbere yo kwungururizwa mw'ibohero rya Rumonge.
Umupfasoni w'umuhisi Melchior Ndadaye avuga kandi ko umucance wiwe yanse kuja mu murwi w'igihugu wari ujejwe kwiga ikibazo c'ubumwe bw'Abarundi.
Agira ati: "Kubera intumbero yabona bashaka guha iyo 'commission' ku kibazo c'ubumwe bw'Abarundi yaciye ayivamwo.
"Aravuga ati 'jewe kubera ivyiyumviro vyanje mfise, mbona ntobikora uko muvyipfuza'".
Kuva i Bubamfu uja i buryo: Marie Ndadaye (mushiki wa Melchior Ndadaye), Melchior Ndadaye na Laurence Ndadaye mu 1982. Laurence yari yagiye kuramutsa umukunzi wiwe i Butare mu Rwanda
Laurence Ndadaye avuga ko yakurikirana ibikorwa vya politike vy'umugabo wiwe, kandi ko yitaba n'imyiyamamazo.Ariko avuga kandi ko vyashika bakaja mu ma "meeting" batababwiye.Agira ati: "Umusi umwe bateguye meeting i Ngozi, hanyuma ntibatubwira ngo tujane. "Twebwe abapfasoni babo, natwe twaciye tuja hamwe turondera umuduga n'umushoferi, babona duhuriyeyo. "Baratangaye baratubaza ico twaje gukora, natwe tuti twiyiziye muri 'meeting' nta kindi twebwe tubasavye".Laurence avuga ko ico gihe mu yindi migambwe hari higanjemwo abagabo gusa. Ngo bashaka ko muri Frodebu abapfasoni na bo bagira ijambo.Asigura ico yibaza coba cari catumye abacance babo batabatwara mu myiyamamazo, avuga ko ahanini hoba hari habaye ikibazo c'uburyo.Ati: "Sinibaza ko kwari kubera umutekano, ahubwo uburyo kuko nta bwo twari dufise bukwiye."Urumva kujana umuryango, haca hajako imfungurwa amahoteli n'ibindi...".
Laurence Ndadaye avuga ko yakurikirana ibikorwa vya politike vy'umugabo wiwe, kandi ko yitaba n'imyiyamamazo.
Ariko avuga kandi ko vyashika bakaja mu ma "meeting" batababwiye.
Agira ati: "Umusi umwe bateguye meeting i Ngozi, hanyuma ntibatubwira ngo tujane.
"Twebwe abapfasoni babo, natwe twaciye tuja hamwe turondera umuduga n'umushoferi, babona duhuriyeyo.
"Baratangaye baratubaza ico twaje gukora, natwe tuti twiyiziye muri 'meeting' nta kindi twebwe tubasavye".
Laurence avuga ko ico gihe mu yindi migambwe hari higanjemwo abagabo gusa. Ngo bashaka ko muri Frodebu abapfasoni na bo bagira ijambo.
Asigura ico yibaza coba cari catumye abacance babo batabatwara mu myiyamamazo, avuga ko ahanini hoba hari habaye ikibazo c'uburyo.
Ati: "Sinibaza ko kwari kubera umutekano, ahubwo uburyo kuko nta bwo twari dufise bukwiye.
"Urumva kujana umuryango, haca hajako imfungurwa amahoteli n'ibindi...".
Ndadaye Melchior: Inyuma y'imyaka 30 yishwe bamwe bati yaturaze demokrasi, abandi bati amacakubiri
Mu matora yo ku wa 01 Ruheshi (6) 1993, Frodebu yatahukanye intsinzi ku majwi arenga 65%. Laurence Ndadaye yibuka ko bariko baratangaza amajwi, imitima yari mu kirere.Ati: "Abasomye ivyavuye mu matora, bahereye ku barushijwe bahereza ku watsinze."Imitima yari mu kirere. "Bavuze ko Frodebu yatsinze, humvikanye akaruru k'abantu banezerewe hirya no hino."Ku musi wo gushikiriza ubutegetsi, nanejerejwe no kubona abantu ku mabarabara buzuye akamwemwe."Prezida Melchior Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi. Aho ngo yari amaze guhakwa kugandagurwa mbere bamwe mu bagirizwa ico caha bari mu mvuto.
Mu matora yo ku wa 01 Ruheshi (6) 1993, Frodebu yatahukanye intsinzi ku majwi arenga 65%.
Laurence Ndadaye yibuka ko bariko baratangaza amajwi, imitima yari mu kirere.
Ati: "Abasomye ivyavuye mu matora, bahereye ku barushijwe bahereza ku watsinze.
"Imitima yari mu kirere.
"Bavuze ko Frodebu yatsinze, humvikanye akaruru k'abantu banezerewe hirya no hino.
"Ku musi wo gushikiriza ubutegetsi, nanejerejwe no kubona abantu ku mabarabara buzuye akamwemwe."
Prezida Melchior Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi. Aho ngo yari amaze guhakwa kugandagurwa mbere bamwe mu bagirizwa ico caha bari mu mvuto.
Itariki 20 z'ukwezi kwa cumi mu 1993 hari ku musi wa gatatu. Prezida Melchior Ndadaye yari yiriwe mu nama nshikiranganji hanyuma ngo aratahuka nk'uko vyahora, ashika nk'isaha zibiri z'ijoro. "Hariho ikintu kitagenda neza", uko ni ko yashitse abwira umugore wiwe. Ariko ngo Ndadaye ntiyaduduriyeko neza.Ariko, Laurence Ndadaye ngo yari yumvise urukurukuru ruvuga ko hashobora kuba 'coup d'Etat'.Abandanya avuga ko prezida yahamagaye umuntu (atavuze izina) amubaza "mbe ba bantu bapfunzwe, ahantu bari haracungerewe bikwiye?" Uwundi yaramwishuye ati: "Ego".Laurence avuga ko abo bantu yabaza bari abari bahatswe kumutembagaza ku butegetsi ataranabushikirizwa.Abandanya avuga ko hagati y'isaha zitandatu n'isaha imwe y'ijoro ari ho hatangura ibitero vya muzinga ku kirimba. Agira ati: "Vya muzinga vyarungikanije ku mpome no ku nzu hejuru gushika mu gitondo. "Ndadaye we yari yaciye asohoka hanze."Mu gitondo ni ho abasirikare badukura mu nzu twambaye impuzu zo kurarana duca dusanga umucance wanje muri blindé aho bamushize".Laurence Ndadaye avuga ko baciye babazungurukana gushika no mw'ikambi ya Muha. Aho ngo bararonse akanya ko kuvugana gato, aramubwira abantu yashoboye guhamagara bavuganye, n'abo yabuze, bivugwa ko boba bari bamaze gufatwa, nka Pontien Karibwami yari umukuru w'inama nshingamateka (mu mategeko ni we yari guca amusubirira mu mabanga y'umukuru w'igihugu) na Richard Ndikumwami yatwara iperereza. Ndadaye ngo yamwishuye "ndi sûr [ndazi ata nkeka] ko bamaze kubica".Laurence avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga bati "Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!". Ngo bari bashushe rwose.Abandanya avuga ko umusoda yitwa Gakoryo yaciye aza muri blindé amubwira ko abasoda bagumutse. Amubaza n'ico bokora.Ndadaye na we amusaba ko amukura muri blindé, abasoda bamubone, abahumurize ari ico basaba canke bashaka kumubwira bakivugane. Ndadaye avuye muri blindé yababwiye ati: "Muvuge ico mushaka, tuganire tucumvikaneko, mugabo ndabasavye mwibuke imiryango yanyu, abavyeyi banyu n'igihugu ntimukore amaraso".Laurence Ndadaye avuga ko abasirikare baciye bakoma induru "genda wewe nta co utubwira na kimwe, genda... n'induru nyinshi".Prezida Ndadaye ngo yaciye yururuka aragenda.Mu nyuma Col Bikomagu yatwara ibiro bikuru vya gisirikare ngo yaciye aha itegeko umusirikare gukura Laurence Ndadaye n'abana biwe mw'ikambi ya Muha ariko atamubwiye iyo abajana.Laurence Ndadaye aca yicagurira guhungira mu nzu y'Ubuserukizi bw'Ubufaransa. Avuga ko yagiye kumenya ko Ndadaye yishwe ateba, kuko aho yari ari ata makuru yakurikirana.Uwaje kumubikira akaba ari umuhisi musenyeri Bernard Bududira. Muri ubwo buserukizi yahavuye ubutegetsi bwari buhari ico gihe bumusavye kuba arakinjura akaja kuruhukira mu Bufaransa canke mu Bubiligi. Yahisemwo Ububiligi aho gushika n'ubu abana biwe baba.
Itariki 20 z'ukwezi kwa cumi mu 1993 hari ku musi wa gatatu.
Prezida Melchior Ndadaye yari yiriwe mu nama nshikiranganji hanyuma ngo aratahuka nk'uko vyahora, ashika nk'isaha zibiri z'ijoro.
"Hariho ikintu kitagenda neza", uko ni ko yashitse abwira umugore wiwe.
Ariko ngo Ndadaye ntiyaduduriyeko neza.
Ariko, Laurence Ndadaye ngo yari yumvise urukurukuru ruvuga ko hashobora kuba 'coup d'Etat'.
Abandanya avuga ko prezida yahamagaye umuntu (atavuze izina) amubaza "mbe ba bantu bapfunzwe, ahantu bari haracungerewe bikwiye?"
Uwundi yaramwishuye ati: "Ego".
Laurence avuga ko abo bantu yabaza bari abari bahatswe kumutembagaza ku butegetsi ataranabushikirizwa.
Abandanya avuga ko hagati y'isaha zitandatu n'isaha imwe y'ijoro ari ho hatangura ibitero vya muzinga ku kirimba.
Agira ati: "Vya muzinga vyarungikanije ku mpome no ku nzu hejuru gushika mu gitondo.
"Ndadaye we yari yaciye asohoka hanze.
"Mu gitondo ni ho abasirikare badukura mu nzu twambaye impuzu zo kurarana duca dusanga umucance wanje muri blindé aho bamushize".
Laurence Ndadaye avuga ko baciye babazungurukana gushika no mw'ikambi ya Muha.
Aho ngo bararonse akanya ko kuvugana gato, aramubwira abantu yashoboye guhamagara bavuganye, n'abo yabuze, bivugwa ko boba bari bamaze gufatwa, nka Pontien Karibwami yari umukuru w'inama nshingamateka (mu mategeko ni we yari guca amusubirira mu mabanga y'umukuru w'igihugu) na Richard Ndikumwami yatwara iperereza.
Ndadaye ngo yamwishuye "ndi sûr [ndazi ata nkeka] ko bamaze kubica".
Laurence avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga bati "Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!".
Ngo bari bashushe rwose.
Abandanya avuga ko umusoda yitwa Gakoryo yaciye aza muri blindé amubwira ko abasoda bagumutse. Amubaza n'ico bokora.
Ndadaye na we amusaba ko amukura muri blindé, abasoda bamubone, abahumurize ari ico basaba canke bashaka kumubwira bakivugane.
Ndadaye avuye muri blindé yababwiye ati: "Muvuge ico mushaka, tuganire tucumvikaneko, mugabo ndabasavye mwibuke imiryango yanyu, abavyeyi banyu n'igihugu ntimukore amaraso".
Laurence Ndadaye avuga ko abasirikare baciye bakoma induru "genda wewe nta co utubwira na kimwe, genda... n'induru nyinshi".
Prezida Ndadaye ngo yaciye yururuka aragenda.
Mu nyuma Col Bikomagu yatwara ibiro bikuru vya gisirikare ngo yaciye aha itegeko umusirikare gukura Laurence Ndadaye n'abana biwe mw'ikambi ya Muha ariko atamubwiye iyo abajana.
Laurence Ndadaye aca yicagurira guhungira mu nzu y'Ubuserukizi bw'Ubufaransa.
Avuga ko yagiye kumenya ko Ndadaye yishwe ateba, kuko aho yari ari ata makuru yakurikirana.
Uwaje kumubikira akaba ari umuhisi musenyeri Bernard Bududira.
Muri ubwo buserukizi yahavuye ubutegetsi bwari buhari ico gihe bumusavye kuba arakinjura akaja kuruhukira mu Bufaransa canke mu Bubiligi.
Yahisemwo Ububiligi aho gushika n'ubu abana biwe baba.
"Urubanza rwatevye rukamara imyaka 30 rudaciwe jewe nibaza ko rutaba ruriko ruracibwa", uko ni ko Laurence Ndadaye avuga.Avuga ko umuryango witwaye, umugambwe yakomokamwo uritwara n'igihugu kiritwara. Ubu rero ngo ntazi ururiko ruracibwa urwo ari rwo, ngo ariko barindiriye ikizovamwo.Laurence Ndadaye agira ati: "Turatuntura ku mutima, ukibaza uti none naratsinzwe? Ninaba naratsinzwe ntanga amagarama angahe?"Ukibaza uti 'none naratsinze? Ninaba naratsinze ko atawampaye impozamarira?'"Turarindiriye rero ko batumenyesha icavuyemwo duheze tuvuge tuti: ashiiiiiii".Na yo kuri Libertas Ezako, umwana w'umuhererezi wa prezida Ndadaye avuga ko "igihe cose hataraboneka ubutungane kuri Ndadaye n'abandi bishwe muri kirya gihe, bizogorana kuvyakira kugira tuje mu bikorwa vyo kwiteza imbere".
"Urubanza rwatevye rukamara imyaka 30 rudaciwe jewe nibaza ko rutaba ruriko ruracibwa", uko ni ko Laurence Ndadaye avuga.
Avuga ko umuryango witwaye, umugambwe yakomokamwo uritwara n'igihugu kiritwara.
Ubu rero ngo ntazi ururiko ruracibwa urwo ari rwo, ngo ariko barindiriye ikizovamwo.
Laurence Ndadaye agira ati: "Turatuntura ku mutima, ukibaza uti none naratsinzwe? Ninaba naratsinzwe ntanga amagarama angahe?
"Ukibaza uti 'none naratsinze? Ninaba naratsinze ko atawampaye impozamarira?'
"Turarindiriye rero ko batumenyesha icavuyemwo duheze tuvuge tuti: ashiiiiiii".
Na yo kuri Libertas Ezako, umwana w'umuhererezi wa prezida Ndadaye avuga ko "igihe cose hataraboneka ubutungane kuri Ndadaye n'abandi bishwe muri kirya gihe, bizogorana kuvyakira kugira tuje mu bikorwa vyo kwiteza imbere".
Laurence Ndadaye yarokotse ubwicanyi bwahitanye umugabo wiwe mw'itembagazwa ry'ubutegets vyo ku wa 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993, ari kumwe n'abana biwe batatu. Melchior Ndadaye yari amaze imisi 102 gusa ku butegetsi.
Imyaka irenga 10 kwa muganga: Uko abarwayi bahindutse abaturage b'ibitaro bya Kabgayi
Nisengwe (ibumoso) na Dushimimana bavuga ko ibitaro bya Kabgayi byababereye mu rugo
Charlotte Dushimana hamwe na Céline Nisengwe bicaye mu tugare tw'abafite ubumuga
Mu bitaro bya Kabgayi, biherereye mu majyepfo y'u Rwanda, hari abarwayi bamazemo imyaka irenga 10, bakaba nta yandi mahitamo bafite uretse ayo gukomeza gutegereza.
Burundi – Rwanda: Imigenderanire y'ubucuruzi yoba yarabandanije n'ubwo imbibe zugaye?
Ibiharuro biherutse gusohorwa n'ikigo NISR, ni ivyo mu gice ca kabiri c'umwaka wa 2026
Ibubamfu, Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi, iburyo ni Perezida Paul Kagame w'Urwanda.
Ikigo c'igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro mu Rwanda (NISR) giherutse gushira ahabona ibiharuro vyerekana ko mu Burundi habandanya kwinjira ibicuruzwa biva canke bihingurirwa mu Rwanda.
Macky Sall yahoze arongoye Sénégal yasokoye mw'ihiganwa ryo kurondera ubunyamabanga bwa ONU
Macky Sall asaba ko ONU isubirwamwo mu buryo bwimbitse, ku buryo Afrika ironka uruhara runini mu gufata ingingo zigenga isi
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, asanzwe arongoye ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (UA) muri kino gihe, ni we yari yatanze izina rya Macky Sall muri ONU.
Kinshasa yabujije abakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu kuvugana na Ambassade y'Ububirigi
Perezida wa RDC, Félix Tshisekedi, ashitse mu nama ihuza Ubwongereza n’ibihugu vya Afrika ku butunzi, i Londres, ku wa 20 Nzero (1) 2020.
Iyo ngingo yasohotse inyuma y'umusi umwe habaye ibikorwa vyo gusaka mu mihana y'abo mu muryango wa Perezida Tshisekedi, vyakozwe na parake mu Bubirigi.
Imvo n'imvano: Ivyananiye Prezida Kabila mu myaka 18 agiye kubishobora ari muri FRN?
Prezida Joseph Kabila yicaye imbere y'ibendera rya Congo, yambaye ikoti yirabura n'ishati y'ubururu.
Prezida Joseph Kabila yashinze urunani FRN rufise intumbero yo gukura ku butegetsi prezida Felix Tshisekedi hakoreshejwe inguvu na politike.
Urunani FRN rwa Prezida Kabila rufise intumbero yo gukura ku butegetsi Félix Tshisekedi
Urunani FRN rwa prezida Kabila rufise intumbero yo gukura ku butegetsi Felix Tshisekedi
Burundi: Amashure y'uburaro mu bibazo vyo kugaburira abanyeshure, mu gihe ibiciro biguma biduga
Abanyeshure bo kuri ETS Kamenge bavuga ko hari igihe bahabwa ivyo kurya birimwo amabuye, bagatinya ko bishobora kubatera ingwara
Abanyeshure bo kuri ETS Kamenge bariko barafungura, ku meza hagaragara amasahani, n'amavoka abiri, mu gihe umwe muri bo ariko ararura.
Mu mashure menshi y'uburaro mu Burundi, abahiga ni abayabaga. Mwene aba, baba bakeneye kugaburirwa imirwi y'imfungurwa ikwiye kugira bakomeze gukura neza.
'Ahandi babibona nko gutekereza kure' – Minisitiri Mukazayire ahakana ko u Rwanda ruzakoresha F1 mu koza isura
Minisitiri Nelly Mukazayire avuga ko abumva ko u Rwanda ruzakoresha kwakira F1 mu koza isura yarwo ku burenganzira bwa muntu bafite "imitekerereze ishaje"
Minisitiri wa siporo w'u Rwanda Nelly Mukazayire yicaye areba muri 'camera', mu kiganiro na BBC Newsday cyo mu buryo bw'iyakure bwa videwo n'amajwi, ari i Kigali mu Rwanda, ku itariki ya 16 Ukwakira (10) mu mwaka wa 2026. Yambaye ikoti rijya gusa na khaki, urunigi mu ijosi n'ishati y'umweru. Inyuma ye hari igikoresho kibaje mu giti cy'ibara ry'ikigina. Ifoto yakuwe muri videwo.
Mu kiganiro na BBC nyuma yuko u Rwanda rutangajwe ko ruzakira irushanwa rya Formula 1, Minisitiri wa siporo yavuze ko ababona ko ruzabikoresha mu koza isura bafite "imitekerereze ishaje".
Amafoto ya BBC asa n'umukara, umweru n'umutuku yerekana Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky na Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, hagati naho harimo ikarita ya Ukraine ndetse n'umujyi wa Kyiv, n'utundi dufoto tw'intwaro ziri hejuru y'iyi karita.
Sergeant Robert yamenyekanye cane mu ndirimbo yaririmba ari wenyene canke akaririmbana n'abandi bo mu murwi wa RDF uzwi nka 'Army Jazz Band'
Sergeant Robert, yari mu giteramo mu Rwanda, yambaye umwambaro wa gisirikare, inkofero y'igisirikare y'urwatsi rubisi, akaba afise micro mu kuboko kw'ibubamfu. (Ifoto mbarankuru yo mu bubiko)
A Ukrainian firefighter tackles a blaze after a Russian strike. Photo: 19 October 2026
Umucamanza yavuze ko abayoboke ba Paul Mackenzie bamubonaga nk'uvugira Yesu kandi ushyikiriza abantu ubutumwa bwe
Ifoto ya Paul Mackenzi areba neza muri 'camera', inyuma ye hari abagabo benshi batagaragara neza